Blinken Yaganiriye na Perezida Buhari Poritike ya Amerika kuri Afrika

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken,na perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari, ku kirimba ca perezida i Abuja, muri Nijeriya, kw'itariki ya 18/11/2021

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, yagiranye ibiganiro na Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari, umushikiranganji w’imigenderanire Geoffrey Onyeama hamwe n’abandi bategetsi. Ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire bwavuze ko baganiriye ingene bokorera hamwe ku kibazo c’amagara y’abantu, ubutunzi, no gutsimbataza demokarasi.

Nijeriya ni co gihugu ca kabiri mu bihugu bitatu vya Afrika Blinken agendeye mu rugendo azomaramwo imisi itanu. Kuri uyu wa gatanu vyitezwe ko ashikiriza ijambo rihambaye muri Nijeriya kuri politike ya reta ya perezida Joe Biden kuri Afrika.

Imbere yuko Blinken arangiza urugendo muri Kenya, ku musi wa gatatu yatangaje ko Amerika ikuye Nijeriya ku rutonde rw’ibihugu bihungabanya ubwigenge bw’abanyagihugu mu kwihitiramwo amadini.

Blinken azorangiriza urugendo rwiwe muri Senegal. Uru rugendo muri Afrika rutumbereye kwerekana ko Amerika ifise uruhara runini muri ako karere Ubushinwa busa n’uburiko burigarurira.