Uko wahagera

Blinken mu Rugendo muri Afrika Kuganira ku Bucuti n'Ibibazo mu Karere


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu, Antony Blinken afata indege mu rugendo muri Kenya, Nigeriya, na Senegal. Maryland, kw'itariki ya 16/11/2021
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu, Antony Blinken afata indege mu rugendo muri Kenya, Nigeriya, na Senegal. Maryland, kw'itariki ya 16/11/2021

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, yitezwe muri Kenya kuri uyu wa gatatu. Ubushikiranganji arongoye bwavuze kuri uyu wa kabiri ko ari urugendo rutumbereye kuganira ku gukorera hamwe hagati y’ivyo bihugu bibiri hamwe no kurabira hamwe umuti ku bibazo bihanze akarere Kenya iherereyemwo. Ibi bibazo ni nko kurangiza intambara muri Etiyopiya, kurwanya iterabwoba muri Somaliya hamwe no kuraba ingene ubutegetsi mfatakibanza muri Sudani bwosubizwa abasivile.

Kenya, ni igihugu kiri mu kanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi, kandi gifise uruhara rukomeye muri Etiyopiya, Sudani na Somaliya.

Ubwo bushikiranganji bwavuze ko Blinken azobonana na Perezida Uhuru Kenyatta hamwe n’umushikiranganji wa Kenya w’imigenderanire n’amakungu, Raychelle Omamo. Bazoganira ku kuntu amareta yabo yokorera hamwe mu kurangiza ikiza ca COVID, gushira imitahe mu gisata c’amagara y’abantu, kurwanya ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe. Ibindi ni ugutsimbataza ubutunzi, demokarasi no kwubahiriza agateka ka muntu.

Uru rugendo rwa Blinken muri Afrika ruzomushikana kandi no muri Nijeriya na Senegal. Ni urugendo rutumbereye kandi kwerekana ko Amerika ifise uruhara runini muri Afrika mw’ihiganwa irimwo n’Ubushinwa busa n’uburiko burigarurira uwo mugabane. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG