Uko wahagera

Umushikiranganji Ajejwe Imigenderanire y'Amerika Azogendera Afurika


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu Antony Blinken
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu Antony Blinken

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, mu ndwi buca dutangura azogendera Kenya, Nijeriya na Senegali.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu mw’itangazo yasohoye yavuze ko Blinken azohura n’aba prezida b’ivyo bihugu, bakaganira ku bibazo bitandukanye birimwo imigenderanire n’ugufashanya n’Amerika, ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe n’ikiza ca Virusi ya Corona.

Ibindi bibazo Blinken azogarukako birimwo ivya demokarasi, amahoro n’umutekano hamwe ubutunzi. Urugendo rwiwe rw’imisi itandatu azorutangurira I Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya ejo ku wa mbere. Azova I Nairobi aja I Abuja muri Nijeriya hama asozerere I Dakar muri Senegali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG