Uko wahagera

Blinken Aragendera Nijeriya Kuganira ku Bibazo vy'Umutekano


Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'amakungu, Antony Blinken ashitse mu nama i Nairobi, Kenya, kw'itariki ya 11-17-2021
Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'amakungu, Antony Blinken ashitse mu nama i Nairobi, Kenya, kw'itariki ya 11-17-2021

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken aragendera Nijeriya kuri uyu wa kane. Ni igihugu kigira kabiri mu rugendo arimwo mu bihugu bitatu vya Afrika kuganira ku bibazo vy’umutekano n’ibindi.

Ubwo bushikiranganji bwavuze ko Blinken na perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari bazovugana ku gukorera hamwe ku mutekano mu gisata c’amagara y’abantu ku rwego mpuzamakungu, ku mutekano mu karere hamwe n’ibindi bibazo.

Blinken yatanguriye uru rugendo rwiwe muri Kenya aho yagabishije ko demokarasi iriko irasubira inyuma kw’isi. Blinken yaganiriye kandi n’abategetsi ba Kenya ku bibazo bihanze akarere harimwo ingene intambara yorangira muri Etiyopiya, kurwanya iterabwoba muri Somaliya hamwe n’uko ubutegetsi mfatakibanza muri Sudani bwoshika kuri reta irongowe n’abasivile.

Blinken azorangiriza urugendo rwiwe muri Senegal. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG