Mali: Umusirikare 1 wa ONU Yishwe n'Intagondwa

Abasirikare bo muri Senegal bo mu nteko za MINUSMA muri Mali.

Umusirikare umwe w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yarishwe abandi bane barakomereka ku musi w’Imana, bahitanwe n’igisasu catezwe mw’ibarabara mu buraruko bushira ubuseruko bwa Mali. Vyashikirijwe n’inteko za ONU zijejwe kwubahiriza umutekano muri ico gihugu, zizwi kw’izina rya MINUSMA.

Abo basirikare bari mu gikorwa co gukizura, hafi y’igisagara ca Aguelhok igihe igisasu gitezwe mu kuzimu cabaturikirako, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi w’izo nteko, Olivier Salgado, abicishije ku rubuga rwa Twitter.

Mu kwezi kwa mbere, abasirikare bamuka muri Chadi bo mur’izo nteko za MINUSMA barishwe mu gitero c’intagondwa z’abayisilamu zishamikiye kuri Al-Qaeda mu karere ka Maghreb (AQIM).

MINUSMA imaze gutakaza abasirikare barenga 200 kuva izo nteko zishinzwe mu mwaka w’2013, nkuko izo nteko nyene zivyiyemerera zibicishije ku rubuga rwazo rwa internet.