Uko wahagera

Igitero ku Nteko za Minusma Cahitanye Abantu 7


Inteko za Minusma muri Mali
Inteko za Minusma muri Mali

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje ko abantu bitwaje inkoho bateye icicaro c’inteko zaryo kiri m’uburaruko bwa Mali mu gisagara ca Timbuktu, bica abantu indwi.

Abategetsi ba ONU bavuga ko abapfuye bagizwe n’abanyamali bane bari bajejwe gucungera umutekano kur’iyo kambi, umusirikare w’umujandarume hamwe n’umunyamali yakorera izo nteko.

Bavuga ko batandatu mur’abo bagavye ico gitero bishwe n’abasirikare ba ONU mur’ico gitero cabaye k'umuhingamo wo kur’uyu wa mbere.

Ico gitero kije gikurikira ikindi cabaye kur’uyu wa mbere nyene, aho abantu bitwaje ibirwanisho barashe inteko za ONU hamwe n’abasirikare ba Mali mu gisagara ca Douentza kiri hagati mur’ico gihugu.

Umusirikare umwe wa ONU hamwe n’umwe wa Mali barahasize ubuzima.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yiyamirije ico gitero avuga kandi ko gishobora kwitwa ivyaha vyo mu ntambara hihwejwe amategeko mpuzamakungu.

Nta muntu n’umwe canke umuhari bariyitirira ivyo bitero vyo kuwa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG