Abasirikare babiri mu basirikare ba ONU bo mu nteko za Minusma bagiye kugarukana amahoro muri Mali barishwe abandi barakomereka bikomeye inyuma y’aho imodoka barimwo iciriye ku gisasu catezwe mu kuzimu m’uburaruko bushira ubuseruko bwa Mali, nkuko bishikirizwa n’izo nteko za Minusma.
Abo basirikare ba ONU bashika ibihumbi 11 n’abaporisi 1700 hamwe n’abandi bakozi bashika 1.200 baneguye ico gitero bise ic’iterabwoba ata kindi kigamije atar’ukuburizamwo ibikorwa bariko bafashamwo mur’ako karere.
Gushika kw’itariki ya mbere y’ukwezi kw’indwi, abakozi 83 ba Minusma nibo bari bamaze kwicwa abandi 491 barakomereka mu bwicanyi bukorwa n’abakora iterabwoba bwatanguye mur’ico gihugu kuva hagati m’umwaka w’2013.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yahojeje imiryango yabuze, yipfuriza abakomeretse gutora mitende.
Avuga ko ibitero bitumbera abasirikare babungabunga amahoro bishobora gufatwa nk’ivyaha vyo mu ntambara hisunzwe amategeko mpuzamakungu.
Facebook Forum