Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ashikiriza ko Irani idashobora kwemererwa gukora ikirwanisho ca Nikleyeli, kandi ko idashobora kwemererwa no kugerageza misile balistike, nkuko biri mu masezerano yo mu 2015 amakungu yumvikanyeko na Irani.
Perezida Trump yabivuze inyuma y’aho umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu ashikirije iciyumviro co kuganira kuri porogaramu ya Misile Reta zunze ubumwe z’Amerika ariko ibihano bibanje guhanagurwa.
Trump yakuye Amerika muri ayo masezerano mu mwaka uheze, yitwaje ko yorohereza Irani, aca atangura gukomeza ibihano kuri Teherani nk’inzira yo kuyinaniza kugira baganire ku yandi masezerano mashasha.
Mu gatondo k’ejo kuwa kabiri, Umuyobozi w’ikirenga wa Irani Ayatollah Ali Khamenei yavuze ko igihugu ciwe kizobandanya kudohoka kw’iyubahiriza ry’amasezerano ya Nikleyeli. Yashimangiye ko ibihugu vya Buraya bidakora ibihagije ngo bifashe Irani guhangana n’ikibazo c’ubutunzi catewe n’ibihano yafatiwe.