Reta ya Irani ishikiriza ko icuka kibi kihari ata biganiro na Reta zunze ubumwe z’Amerika bishoboka, inyuma y’aho perezida Donald Trump afatiye ibindi bihano igihugu ca Irani.
Mu nama ya ONU ijejwe amahoro n'umutekano yabereye mu mwiherero ejo kuwa mbere, ambasaderi wa Irani muri ONU, Majid Takht Ravanchi yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika ibwirizwa guhagarika intambara y’ubutunzi ku banyagihugu ba Irani. Yavuze ko atawoganira n’uwumutera ubwoba kandi amutoteza.
Ambasaderi Ravanchi yabishikirije haheze amasaha make Amerika itangaje ibihano bishasha ku mutegetsi kizigenza wa Irani Ayatollah Ali Khamenei hamwe n’abasirikare umunani b’ipete ya Komanda.
Ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe ikigega bwashikirije ko butegekanya gushira ku rutonde rwirabura umushikiranganji wa Irani w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, kugira bagondoze Teheran gushira mu ngiro ibisabwa na Amerika.
Facebook Forum