Uko wahagera

Reta ya Tanzaniya Yijeje Impunzi z'Abarundi Umutekano


Reta ya Tanzaniya ivuga ko igiye gufatira umuti urama intambamyi n’amabi yose abangamiye impunzi zahungiye mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli. Ni mu gihe ico gihugu cagirizwa guhonyanga agateka k’impunzi zahahungiye.

Iryo jambo ryashikirijwe na buramatari w’intara ya Kigoma bwana Thobias Andengenye mu nama ifatiye guhimiriza impunzi gutahuka ku bushake bwazo yabereye mu nkambi ya Nduta kuri uyu wa gatatu.

Muri iyo nama, Bwana Andengenye yavuze ko reta igiye kongera inguvu mu bijanye no gucungera umutekano mu nkambi zose mu ntumbero yo kugabanya amabi akorerwa impunzi n’abatazishakira amahoro hanyuma bakagiriza reta ya Tanzaniya yuko ariyo ihohotera impunzi no guhonyanga agateka kazo.

Mu yandi majambo yavuze ko iminsi yose reta ya Tanzaniya ihimiriza impunzi kwiyandikisha kubushake bwazo kugira zitahukanwe kubera reta y’Uburundi yamaze kwemeza yuko mu gihugu hari amahoro nyuma y’amatora aheruka kuba.

Ku ruhande rw’umuyobozi ashinzwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu ca Tanzaniya, Sudi Mwakibasi, muri iyo nama we yagabishije impunzi kureka ingeso yo kwakira abashitsi bava mu Burundi kubera ari bo bakekwa gukora amabi yose avurwa hama bakabeshera reta ya Tanzaniya

Naho reta ya Tanzaniya itemera ko ihohotera impunzi ariko zimwe mu mpunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi ya Nduta ziremeza ko amabi yama yabaye mu nkambi minsi yose harimwo bamwe kuburirwa irengero, kwicwa, guhohoterwa, abagize amahirwe bagasabwa amafaranga uwuyabuze akajanwa gufungwa mu gasho. Bemeza ko ayo mabi akorwa n’abagizi ba nabi, abanyeporitike bava mu Burundi hamwe n’abajejwe gucungera umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG