Uko wahagera

Abarundi Bahungiye muri Tanzaniya Barabandanya Kuja mu Rwanda


Abarundi barenga 100 baramaze guhunga ubwa kabiri bava muri Tanzaniya bahungira mu Rwanda, mu kiringo kidashika umwaka. Abenshi bava mu nkambi za Nduta na Mtendeli muri Tanzaniya baja i Mahama mu Rwanda.

Bamwe muri bo babwiye Ijwi ry'Amerika ko bahunga imibereho mibi hamwe n’umutekano muke mu nkambi. Bavuga ko hari abo mu miryango yabo bamwe bafunzwe abandi nabo baburiwe irengero.

Ishirahamwe riharanira agateka k’impunzi “Coalition burundaise des défenseurs des droits humains vivant dans les camps de réfugiés, CBDH/VICAR” rihamagarira Reta ya Tanzaniya na HCR kugarukira agateka k’impunzi z’Abarundi zahungiye muri ico gihugu.

Ishami rya ONU ryitaho impunzi muri Tanzaniya, HCR, ryabwiye Ijwi ry'Amerika ko rimaze kumenya ayo makuru y’impunzi zija kurondera ubuzima bwiza mu bindi bihugu.

Inkuru yateguwe na Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:50 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG