Uko wahagera

Papa Fransisko Vuba Aragendera Ubuyapani na Tayilande


Papa Fransisko mu rugendo aherukamwo muri Mozambique
Papa Fransisko mu rugendo aherukamwo muri Mozambique

Umwungere wa Ekleziya katolika Papa Fransisiko mu kwezi kwa cumi na rimwe azogendera Tayilande n’Ubuyapani. Hari haheze imyaka 40 ata ndongozi ya Katolika igendera Ubuyapani.

Mu bibanza bimaze kumenyekana ko Papa Fransisiko azogendera mu buyapani harimwo ibisagara vya Nagasaki na Hiroshima vyagabweko ibitero hakoreshejwe ibirwanisho vya nikleyeri mu gihe c’intambara y’isi yose. Papa ategekanya gutanga ubutumwa bwiyamiriza ikoreshwa ry’ivyo birwanisho.

Inama y’abungere ba Ekleziya katorika muri Tayilande ku rutonde yashize ahabona y’ivyo Papa Fransisiko azokora igihe azogendera ico gihugu harimwo ugusoma imisa zibiri.

Haba muri Tayilande canke mu Buyapani Abakatorika ni inkehwa. Muri rusangi Tayilande iharurwamwo abakatorika 388.000, mu gihe Ubuyapani bubarizwamwo 450.000 ku bantu baharurwa ku miliyoni 127 baba muri ico gihugu.

Abagwiriye muri ivyo bihugu ni Ababoudiste. Abakatolika batari bake bo muri Tayilande barataye baromokera muri Vietnam bahunga ihohoterwa rifatiye ku kwemera kwabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG