Papa Fransisiko azogira urugendo muri iyi ndwi mu bihugu vya Mozambique, Madagascar n’izinga rya Maurice.
Ni bimwe mu bihugu mu karere kageramiwe n’intambara, ruswa n’ihindagurika ry’ibihe.
Urugendo rwa Papa Fransisko mu karere ka Afurika ruzoba hagati y’italiki 4 n’italiki 10 z’uku kwezi kw’icenda. Ni urugendo rugira kabiri azoba agize mu karere ko muri Afurika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara.
Afurika iri mu bice bikenye kw’isi aho ibitigiri vy’abakatolika n’abamenyeshamana bitera vyiyongera.
Mu gihugu ca Mozambique, vyitezwe ko Papa Fransisiko atera akamo kerekeye gukomeza amahoro muri ico gihugu. Mu kwezi kw’umunani umugambwe uri ku butegetsi muri Mozambique, Frelimo n’umugambwe utavuga rumwe na Reta, Renamo vyarateye igikumu ku masezerano mashasha y’amahoro.
Mu mwaka w’i 1992, ishirahamwe ry’abakatolika, “San’Egidio” rifise icicaro i Roma mu Butaliyano, ryarafashije ku vyerekeye amasezerano ya mbere y’amahoro yarangije ingwano yamaze imyaka 15 muri Mozambique. Iyo ngwano yahitanye abantu barenga umuliyoni, irasinzikaza ico gihugu bikomeye.
Amasezerano ntabanduka yo kw’italiki 1 y’ukwezi kw’umunani muri uyu mwaka wa 2019 yashitsweko inyuma y’ibiganiro vyamaze imyaka itari mike.
Mu rugendo mu gihugu ca Madagascar, Papa Fransisiko azogendera ishirahamwe ry’abagiraneza, “Akamasoa” ryatangujwe mu mwaka w’i 1989 na padiri Pedro Opeka aturuka mu gihugu ca Argentine. Iryo shirahamwe rifasha abakene muri Madagascar.
Facebook Forum