Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, ejo ku wa Mungu uzogena umunyamabanga mukuru mushasha wawo. Azoba asubiriye Perezida Evariste Ndayishimiye yari muri ayo mabanga kuva mu kwezi k'umunani ko mu mwaka w' 2016 aho yari yasubiriye Pascal Nyabenda.
Mu mazina anugwanugwa y'uwushobora kugenwa muri ayo mabanga, iriza imbere ni irya Reverien Ndikuriyo yabaye umukuru w'inama nkenguzamateka y'Uburundi kuva mu 2015 gushika mu 2020. Isoko ry'Ijwi ry'Amerika mu bagumyabanga ryadusesanguriye rivuga ko ahabwa amahirwe menshi rigira riti:" Bari barabimwemereye kuva kera."
Gutora umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD none bigenda gute? Kuva mu 2007, uwo mugambwe warahinduye itunganywa ryawo, uvanaho ikibanza c'umuperezida yahora ari we ubundi aw'uramutswa. Ico gihe impinduka zahabaye zatomora ko uw'uwutegeka ari umunyamabanga mukuru aba yatowe n'urwego rw'inararibonye (Conseil des Sages).
Urwo rwego rumaze gutora amazina y'abo rwipfuza ko boja muri ico kibanza, abagumyabanga bahawe ubutumire bwo kuza mu nama rukokoma imushiraho baraheza nabo bagatora nkuko umwe mu bahoze muri urwo rwego rw'inararibonye yabisiguriye Ijwi ry'Amerika. Gusa, uyo yabidusiguriye adashima ko amazina yiwe atangazwa yavuze ko umuntu abiravye asanga uwutwara umugambwe atari umunyamabanga mukuru wawo nkuko benshi bavyibaza. "Uw'uwutwara ahubwo aba ari uwutwara urwego rw'inararibonye".
Urwo rwego rw'inararibonye muri CNDD-FDD nta n'umwe aruramutswa kugera ino saha: Uwahora arutwara yari Umuhisi Petero Nkurunziza yashengeye mu kwezi kwa gatandatu k'umwaka uheze. Rya soko ryacu ryahoze mu bagumyabanga bakomeye, aha ryavuze ko ata nkeka urwo rwego ruzoheza rugaca ruramutswa Perezida Evarsite Ndayishimiye.
Mu kiganiro gito yaduhaye yasozereye agira ati: " Murumva rero bigenze uko ko ari Perezida Ndayishimiye azoba ari umukuru wa CNDD-FDD naho bizofatwa nk'aho uwuzotorwa ari we aramutswa uwo mugambwe. Urwego rw'inararibonye ni rwo rufise ubutegetsi bwose bw'umugambwe."
Facebook Forum