Uko wahagera

Kenya: Igiporisi Cagirizwa Kwica Abantu 12 mu Bihe vy'Imyiyerekano


Abaporisi barwanya imigumuko mu bihe vy'imyiyerekano yatunganijwe na Raila Odinga, i Nairobi kw'itariki ya 30/03/2023.
Abaporisi barwanya imigumuko mu bihe vy'imyiyerekano yatunganijwe na Raila Odinga, i Nairobi kw'itariki ya 30/03/2023.

Igipolisi ca Kenya caragize uruhara mw'iyicwa ry'abantu 12, barimwo abana 2. Hari mu myiyerekano y'abatavuga rumwe na reta yabaye mu kwezi kwa gatatu kw'uyu mwaka. Iyo nkuru yatangajwe, uno musi ku wa gatatu, n'amashsirahamwe 2 aharanira agateka ka muntu kw'isi, Human Rights Watch, na Amnesty International.

Ayo mashirahamwe uko ari abiri ntashima kubona abakoze ayo mabi batariko barakwirikiranwa. Avuga ko ubwicanyi ndengerabutungane ari ibintu biba kenshi mu gihugu ca Kenya, kandi ko gukwirikirana ababukoze biba gake.

Amashirahamwe, Human Rights Watch, na Amnesty International, yatangaje ko yatohoje abantu 12 bishwe mu kiringo c’imisi itatu y’imyiyerekano y’ukwiyamiriza reta, yari yatumweko n’umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Raila Odinga. Iyo myiyerekano yari iyo kwiyamiriza ubuzima butera buzimba kurushiriza n’amatora yo mu mwaka uheze yabayemwo amatati.

Mw’itangazo yashikiririje hamwe, ayo mashirahamwe yompi yavuze ko yatohoje ubwo bwicanyi mu biganiro yagiranye n’imiryango y’abishwe hamwe n’ababonye ivyabaye. Amenyesha ko n’aho bamwe mu bantu 12 bishwe bagize uruhara mu myiyerekano, benshi muri bo bariko bararengana, canke bari mu ngo zabo n’abari mu bibanza bakoreramwo imirimo y’ubudandaji. Ku bw’ibiharuro bitangwa na reta, abantu 3 ni bo bapfuye mu myiyerekano yo mu kwezi kwa gatatu, harimwo umupolisi. (AFRICANEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG