Igitigiri c’abishwe no kwisonzesha muri Kenya caduze gushika kuri 98 kuri uyu wa gatatu. Incuti n’abavukanyi barabandanya kurindira amakuru y’ababo inyuma y’aho abakora amatohoza bazuriye ibisigarira mu mva rusangi mu ndwi iheze.
Itorwa ry’ibiziga bitari bike vyahambwe mw’ishamba rya Shakahola hafi y’igisagara ca Malindi ryarababaje abanyakenya. Umupasitori yari abarongoye, Paul Mackenzie Nthenge yagirizwa kuyoborera abayoboke biwe mu rupfu mu kubigisha ko inzira yonyene izobashikana ku Mana ari ukwisonzesha.
Kugeza kuri uyu wa gatatu, abantu 39 baramaze gutorwa ari bazima mw’ishamba ry’amahegitari 325. Abandi 22 baramaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.
Hassan Musa, umunyakenya akora mw’ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare Croix Rouge yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ko abantu 311 barimwo 150 bafise imyaka iri munsi ya 18 bavuzwe ko baburiwe irengero. Avuga ko muri abo harimwo n’abamuka muri Tanzaniya na Nijeriya.
Prezida wa Kenya William Ruto yariyemeje guhagurukira abapasitori yise ibipfamutima nka Paul Mackenzie Nthenge bakoresha idini mu gukora ibikorwa vy’ububisha.
Ibimenyeshamakuru bivuga ko Nthenge yahagaritswe mu kwezi guheze inyuma y’aho habonekeye abana babiri bishwe n’inzara bari mu minwe y’abavyeyi babo. (AFP)
Facebook Forum