Uko wahagera

Ingabo z'u Rwanda na Mozambike Zigaruriye Icicaro c'Intagondwa


Prezida w'u Rwanda Paul Kagame na Mugenzi we wa Mozambike Filipe Nyusi
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame na Mugenzi we wa Mozambike Filipe Nyusi

Igisirikare c'u Rwanda na Mozambike vyemeza ko vyigaruriye igisagara ca Mocímboa da Praia gifatwa nk'icicaro gikuru c'abarwanyi bivugwa ko bakorana n’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu, ISIS.

Kibicishije ku rubuga rwaco rwa Twitter, igisirikare c’u Rwanda, RDF, cemeje ano makuru cibutsa ko hari haheze imyaka irenga ibiri izo ntagondwa zarigaruriye igisagara ca Mocímboa da Praia kiri mu ntara ya Cabo Delgado.

Iyi ntara ya Cabo Delgado iherereye mu buraruko bwa Mozambike ikaba ifise ibitoro birimwo agaciro gaharurwa mu miriyari ibihumbi 60 vy’amadorali kuva mu 2017, ifatwa nk’ikirindiro gikuru c’abarwanyi b’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu.

Mu kwezi guheze, u Rwanda ni ho rwarungitse abasirikare baharurwa mu 1000 bagiye gufatanya n’aba Mozambike hamwe n’abandi bo mu bihugu 16 bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubutunzi bw’ibihugu 16 vyo mu maj’epfo ya Afurika, SADC, mu rugamba rwo gutuza izo ntagondwa. Intambara yo mu ntara ya Cabo Delgado imaze kwangaza abaharurwa mu bihumbi 800.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG