Uko wahagera

Ijambo rya Prezida Putine ku Kugumuka kw'Abacangero ba Wagner


Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin ashikiriza ijambo igihugu, kw'itariki ya 26/06/2023
Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin ashikiriza ijambo igihugu, kw'itariki ya 26/06/2023

Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin yavuze kuri uyu wa mbere ko yaretse imigumuko y’umurwi w’abacangero ba Wagner irabandanya mu ntumbero yo kurinda ko haseseka amaraso. Ariko umukuru w’uwo muhari ari nawe yari arongoye iyo migumuko, yavuze ko atari atumbereye gutembagaza ubutegetsi.

Ijambo Prezida Putine yashikirije kuri Televiziyo ejo kuwa mbere ryari irya mbere kuva iyo migumuko iba ku musi wa gatandatu. Yavuze ko kugumuka kw’abo bacangero kwabangamiye ukubaho kw’Uburusiya kandi abari inyuma yavyo bari bakwiye kubihanirwa.

Prezida Putine yavuze ati: "Kuva iyo migumuko itangura, naratanze amategeko atuma hadaseseka amaraso” Ati hari hakenewe umwanya wo guha akaryo abari bakosheje ko kwirimbura, no kumenya ko ibikorwa vyabo bitari bishigikiwe n’abanyagihugu, kandi ko vyari bifise ingaruka mbi ku Burusiya."

Ku rundi ruhande umukuru w’umugwi w’abancangero Wagner Yevgeny Prigozhin, nawe yarashikirije ijambo ryamaze iminota 11 akoresheje urubuga rwa Telegram. Ntiyagaragaye ikibanza aherereyemwo canke ngo avuge n’ico yoba yaremerewe kugira ahagarike urugendo yarimwo yerekeza ku murwa mukuru Moscou w’Uburusiya.

Abategetsi batari bake b’ibihugu vyo mu burengero bw’isi babibonye nk’ugutakaza inguvu kwa Prezida Putine inyuma y’amezi 16 atanguje ico yise ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare muri Ukraine.

Uwo mutegetsi w’abo bacangero vyabaye ngombwa ko ahagarika ibikorwa vyiwe vyo kugumuka. Ni inyuma y’aho abarwanyi biwe bari begereje umurwa mukuru Moscou ata nguvu zindi za gisirikare zikomeye ahuye nazo aho yari amaze kugenda ikirere c’imirometero 800.

Prezida w’Uburusiya yavuze ejo kuwa mbere ko atazokwihindukiza kuvyo yemeye mu mpera z’indwi yaheze ko abarwanyi ba Wagner baja mu gihugu kibanyi ca Biyerorusiya mu gihe bobishaka, bagasinya amasezerano y’akazi n’ubushikiranganji bw’Uburusiya bwo kwivuna abansi canke bagasubira mu miryango yabo. Ntiyizege kandi avuga Prigozhin mw’izina.

Umuvugizi wa prezidanse y’Uburusiya ku mugoroba w’ejo kuwa mbere yavuze Prezida Putine yabonanye n’abakuru b’inzego z’umutekano, barimwo umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi Sergei Shoigu.

Kimwe muvyo Prigozhin, umukuru w’umurwi Wagner yasaba kwari ko umushikiranganji wo kwivuna abansi akurwa mu mabanga, co kimwe n’umusirikare mukuru w’ipete rya jenerali atavuzwe izina.

Prigozhin, w’imyaka 62, yahoze ari somambike wa hafi na Prezida Putine kandi yarigeze no gutabwa mw’ibohero. Abarwanyi biwe bararwanye bikomeye mu ntambara muri Ukraine.

Yagumutse inyuma y’uko muri uku kwezi yankiye gukurikiza amabwiriza yamusaba ko inteko ziwe zija munsi y’uburongozi bw’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Prezidanse y’Amerika, White House yavuze ko idashobora kwemeza nimba uwo mukuru wa Wagner ari muri Biyerorusiya vy’ukuri.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yise iyo migumuko ko ari kimwe cerekana ko hari ingorane mu butegetsi bw’Uburusiya. Yaravuganye n’ibihugu bacuditse ko badakwiye kwemerera Prezida Putine ko ivyabaye avyegeka ku bihugu vyo mu burengero canke ishirahamwe ryo mu burengero bw’isi ryo kurwaniriza umwansi hamwe OTAN.

Uwuhagarariye ibikorwa vy’ubuhanuzi mu bijanye n’umutekano muri perezidanse ya Amerika, White House, John Kirby, nawe yavuze ko Amerika ata ntumbero ifise yo guhindura ubutegetsi mu Burusiya. Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG