Uko wahagera

Ukugumuka kw'Abarwanyi ba Wagner mu Burusiya Gusigura iki ku Nguvu z'Ubutegetsi bwa Putin?


Abarwanyi ba Wagner
Abarwanyi ba Wagner

Abarwanyi b’abacangero bo mu murwi wa Wagner bavuye mu karere ka Lipetsk kari ku birometero 400 vy’umurwa mukuru w’Uburusiya. Bari binjiye muri ako karere ejo ku wa gatandatu bavuga ko bashaka gutera umurwa mukuru Moscou.

Bakinjuye inyuma y’uko Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin yemeye ko uwutwara umurwi wa Wagner n’abarwanyi bagize uwo murwi batazokurikiranwa ku vyaha vy’uguhemuka bari bagirijwe.

Ingingo z’ugukingira umutekano ku murwa mukuru w’Uburusiya zafashwe ku wa gatandatu n’ubu zirabandanya. Muri zo, harimwo uguhanura abanyagihugu kuguma mu mihana yabo no kwirinda ingendo zitari ngombwa.

Yevgeny Prigozhin atwara Wagner ntibiramenyekana ko arashika muri muri Belarusiya yemeye kumuha ubuhungiro biciye mu biganiro vyabaye hagati yiwe n’abategetsi ba Belarusiya.

Abahinga bavuganye n’itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, basigura ko ukugumuka kwa Wagner kwerekanye “intege nke” za politike ya Putin.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, nawe yavuze ko ico yise igeragezwa ry’itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Putin, ryerekana ibibazo biri mu burongozi bw’Uburusiya, kandi vyanyeganyeje inguvu z’uburongozi bwiwe.

Mu bihugu vyagize ico bitangaza bishigikira Uburusiya, harimwo Ubushinwa na Koreya ya Ruguru.

Abarwanyi b’abacangero bo mu murwi wa Wagner barafatanije n’ingabo z’Uburusiya mu ntambara zirimwo muri Ukraine. Haheze iminsi ariko hari icuka kibi hagati yabo n’ubutegetsi bw’Uburusiya: Umurwi wa Wagner umaze iminsi unebagura uko igisirikare c’Uburusiya citwara ku rubuga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG