Uko wahagera

Burundi: Ibitero vya Grenade ku Bituro vy'Imiduga Yunguruza Abantu


Mu Burundi, kuri uyu wa kabiri mw'ijoro ku bituro vy'imiduga yunguruza abantu n'ibintu bitari musi ya bitatu ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura hatewe ama gerenade.

Ku rubuga rwa Twitter, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati busanzwe buvanganye n’ubw’umutekano bwitiranije ibi bitero « n’iterabwoba » bwemeza ko abantu babiri ari bo bamaze kwitaba Imana : umwe yaguye mu gitero co hagati mu gisagara uwundi nawe apfa amaze ujanwa kwa muganga, ni ko bwatangaje.

Ubwo bushikiranganji bwanemeje amakuru y’abanyagihugu avuga ko abantu benshi bakomeretse. Ibi bitero bibaye mu gihe muri ico gisagara hariko habera inama ya 51 y'urwego rwamaho rujejwe ibibazo vy'umutekano mu karere ka Afurika yo hagati.

Inkuru iramvuye y'ivyo bitero muyumvirize muri iyi nkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi, Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:54 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG