Kuva kuri uyu wa mbere, Uburundi bwakiriye inama y’iminsi itanu ihuza ibihugu 11 vya Afrika yo hagati. Iyo nama yateguwe n’igisata ca ONU kiraba amahoro n’umukeno. Abaserukira ivyo bihugu bazorabira hamwe ibibazo vy’umutekano, amatora n’imigenderanire muri ico gice ca Afrika. Ubushiranganji bujejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu buvuga ko buhimbawe n’uko ikibazo c’imigenderanire kizokwiga mu gihe umubano n’u Rwanda uriko uranaguka.
Ni mu gihe inama nk’izo ata n'imwe yaheruka kubera muri ico gihugu kuva haba intureka za poritike mu mwaka w’2015.
Umumenyeshamkuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru, ari i Kigali mu Rwanda, aratubwira ido n'ido ry'iyo nama mu majwi aha munsi.
Facebook Forum