Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, uno musi ku wa gatatu, yashitse muri Finlande, aho yitavye inama y'abategetsi b'ibihugu bitanu vyo mu buraruko bw'umugabane w'Ubulaya.
Zelensky azobonana n’abashikiranganji ba mbere b’ibihugu vy’Ubusweda, Noruveje, Danemark na Islande. Urugendo rwiwe muri Finlande rubaye indwi nkeyi inyuma y’uko ico gihugu cemewe nk’ikigira 31 mw’ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN.
Finlande yarondeye kwinjira muri iryo shirahamwe, inyuma y’uko Uburusiya buteye Ukraine mu kwezi kwa kabiri kw’umwaka urangiye w’i 2022.
Muri ico gihe ikibanza gishingurwamwo ibitoro kiri mu bumanuko bw’Uburusiya cahiye mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatatu. Veniamin Kondratyev, Bulamatari w’intara ya Krasnodar iri mu bumanuko bushira uburengero bw’Uburusiya, yatangaje ko ico kibanza kiri mu mihana y’ahitwa Volna.
Yavuze ko ata makuru ahari ku boba bahasize ubuzima canke bakomeretse. Iyo mihana iri hafi y’ikiraro gihuza Uburusiya n’ikigobe ca Krimeya, akarere ka Ukraine Uburusiya bwigaruriye mu mwaka w’i 2014.
Televiziyo yo muri Amerika, CNN yatangaje ko itororokanirizo ry’amakuru rya Reta y’Uburusiya ryavuze ko umuriro watse, mu bibanza gishingurwamwo ibitoro mu bumanuko bw’Uburusiya, watewe n’igitero c’indege itagira umudereva, bita drone. Ico gitero cabaye uno musi ku wa gatatu kibaye inyuma y’uko icikekwa ko gikozwe, ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, mu kibanza gishingurwamwo ibitoro mu gisagara ca Sevastopol kiri mu ntara ya Krimeya. (VOANEWS)
Facebook Forum