Uko wahagera

USA: Donald Trump Yagiriwe n’Icaha i New York


Trump Indictment
Trump Indictment

Icaha yegetsweko cavuye mu matohoza yariko arakorwa n’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa Manhattan. Ni icaha cemejwe na sentare y’abaturage (Grand Jury) muri ivyo biro.

Trump yagirijwe kuba yarahaye igipfukamunwa c’amadorari 130.000, Stormy Daniels. Uyo ni umupfasoni yakina amareresi y’imibonano mpuzabitsina. Yayamuhaye imbere yo kwiyamamariza amatora mu 2016, kugira aceceke ntavuge ko baryamanye mu 2006. Iyo uwo mupfasoni abishira ahabona, Trump ntiyari kwiyamamaza.

Donald Trump abaye uwa mbere yahoze ari perezida w’Amerika yegetsweko icaha n’ubutungane. Ni mu gihe Trump yavuga ko afise intumbero yo kwiyamamariza manda ya kabiri nk’umukuru w’igihugu. Trump yaheruka kuvuga ko bitazomubuza kubandanya imyiyamamazo arondera gutorwa nk’umukandida w’umugambwe w’abarepuburikani mu matora yo mu 2024.

Ikimenyeshamakuru, The New York Times, canditse kivuga ko ivyaha yagirizwa nyakuri bitarashirwa ahagaragara, kandi igihano yakatiwe kizotangazwa mu misi iri imbere.

Aya matohoza yariko arakorwa n’ibiro vy’umushikirizwamanza y’i Manhattan ni amwe mu bibazo vy’ubutungane Trump akurikiranwako, kandi bishobora kuzomwononera umugambi wo gusubira kuzokwitoza.

Ivyiyumviro vyatororokanijwe mu banyagihugu mu ndwi iheze n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, vyerekanye ko ibice 44 kw’ijana vy’abanyamerika bari mu mugambwe w’abarepuburikani, Trump abarizwamo, bavuga ko akwiye guca asezerera kwiyamamaza mu gihe yokwegekwako icaha. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG