Uko wahagera

Amerika Igiye Gukorana mu Buryo Bushasha na Afrika


Visi Perezida Kamala Harris
Visi Perezida Kamala Harris

Icegera ca Prezida wa Reta z'unze ubumwe za Amerika, Kamala Harris, uno musi ku wa kabiri, yatangaje igihe gishasha mu bijanye no gukorana n'umugabane wa Afrika. Yabitangaje igihe yashikiriza ijambo mu kibanza citwa, Black Star Gate, gihimbaza ukwikukira kwa Ghana inyuma y'uko cikuyeko intwaro ya gikoloni.

Kamala Harris, yatangaje ko ico gihe gishasha kizorangwa n’ivyiyumviro bishasha vy’Abanyafrika. Yatangaje ko bazoshira inguvu mu bwenge, ubumenyi, n’ivyiyumviro bishasha vy’Abanyafrika, kugira habe iterambere nyakuri kuri uyo mugabane. Harris yavuze ko reta ya Perezida Joe Biden izoshira imbere imigambi izotuma Amerika, ikorana n’Abanyafrika bari kumwe.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bakoraniye mu kibanza cibutsa ukwikukira kwa Ghana citwa, “Independence Square”. Benshi barindiye icegera ca prezida w’ Amerika, Kamala Harris mu kiringo c’amasaha atari make, aho bazungangiza amadarapo y’Amerika na Ghana. Bamwe mu bari bahari bari batumiwe mu rwego rw’umugambi werekeye imboneza z’abakiri bato muri Afrika, “Young African Leaders Initiative” w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika.

Vyinshi mu vyo Kamala Harris yashikirije, vyashimikiye ku vyiyumviro bishasha bifasha mw’iterambere hamwe no kwishiriraho imirimo yo kwiteza imbere. Vyari mu kigoro kiwe ko kwerekana ko Afrika ari ikibanza Abanyamerika, baba abari mu gisata ca reta canke ic’abikorera ku giti cabo, bakwiye gushiramwo imitahe.

Ni ikintu prezida wa Ghana, Nana Akufo Addo, yatangaje ko yizeye kubona, inyuma y’imyaka itari mike Amerika yari imaze yarihojeje Afrika. Igihe yabonana na Kamala Harris ku musi wa mbere, Akufo Addo yaratangaje ko Abanyafrika bipfuza ko ibintu bihinduka. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG