Abimukira batanu bamuka muri Afrika yo munsi y’ubugaragwa bwa Sahara barazamye mu mazi abandi 28 baraburirwa irengero kuri uyu wa gatatu. Abaharanira agateka ka muntu bavuga ko ibi vyabaye inyuma y’aho ubwato barimwo bwibiye ku nkengera za Tuniziya.
Romdhane Ben Amor, wo mw’ishirahamwe ryo muri Tuniziya riharanira agateka ka muntu, yavuze ko ubwo bwato bwari bupakiye abantu 38, ahanini bamuka muri Kote d’Ivuware.
Ubwo bwato bwandurutse buva ku nkengera z’igisagara ca Sfax muri Tuniziya , berekeza mw’izinga rya Lampedusa mu Butariyano.
Iri sanganya ribaye haheze ukwezi prezida wa Tuniziya, Kais Saied, ashikirije amajambo aturira, yagiriza abimukira bava mu karere ka Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara kuba ari bo batera ubwicanyi mu gihugu.
Abo bimukira, benshi muri bo bavuga ko batinya guhohoterwa canke kwicwa batashe mu bihugu vyabo. Basavye ikigo ca ONU cita ku mpunzi, HCR, kubafasha gutaha mu mahoro.
Abimukira hafi 21.000 bo bamuka muri Afrika nibo bazwi ko boba bari muri Tuniziya. ( AFP)
Facebook Forum