Uko wahagera

Ababa 35 Bahitanywe n'Ubwato Bwibiye muri Madagascar


Ubwato bwari butwaye abimukira buvuye muri Madagascar, bwaribiye, maze abantu 34 barahasiga ubuzima.

Abategetsi bo muri ico gihugu batangaje ko batoye imivyimba y’abantu 34 mw’ibahari y’Abahinde, inyuma y’aho ubwato bwari butwaye abimukira mw’izinga rya Mayotte, bwibiye.

Ubwo bwato bwari butwaye abantu 58, binjiye muri bwo mu kinyegero kuko butaciye mu kibanza ingenzi zicamwo, zibanje kugenduzwa n’abajejwe uruja n’uruza ku kivuko. Bwibiye ku musi wa gatandatu mw’ijoro, ku nkengera y’ibahari iri mu buraruko bushira uburengero bwa Madagascar, nk’uko bitangazwa n’abajejwe uruja n’uruza mw’ibahari.

Abajejwe gucungera inkengera z’ibahari hamwe n’abajejwe ivyinjira n’ibisohoka mu gihugu bari mu bwato, nibo batoye ibiziga vy’abo bantu. Amatohoza ya mbere yerekana ko abahasize ubuzima bava mu bisagara vya Ambilobe, Tmatave, Majunga na Nosby Be.

Umuyobozi mukuru w’ibiro bijejwe ibivuko, Jean Edmond Randrianantenaina, yavuze ko abarovyi bari mu bwato butoyi barokoye abantu 24 muri iryo joro nyene ryo ku musi wa gatandatu. Umukuru w’igipolisi yatangaje ko abandi bantu bose bari muri ubwo bwato bwibiye bashoboye kurokoka, kiretse umwe, baciye bahunga bageze ku nkengera, imbere y’uko abategetsi bahashika kuko batinya guhagarikwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG