Uko wahagera

Prezida wa Tuniziya Avuga ko Atari Umunyamacakubiri


Prezida wa Tuniziya Kais Saied
Prezida wa Tuniziya Kais Saied

Inyuma y’aho Prezida wa Tuniziya, aremerewe n’amakungu amwagiriza amacakubiri ashingiye ku rukoba, yateye ivyatsi ivyo vyagiriji.

Prezida Kais Saied yariyamirije ibirego bivuga ko ariko arabiba amacakubiri akumira Abanyafrika bakomoka mu bihugu vyo muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara. Yavuze ko amajambo yashikirije mu kwezi guheze ku bimukira, atatahuwe neza.

Amakungu yose yaramunebaguye igihe yashikiriza amajambo, ategeka guhiga no kurondera Abanyafrika b’abimukira bakomoka mu bihugu vyo muri Afrika yo musi ya Sahara.

Ayo majambo yaje kwongera isibe mu nyifato yo kugeramira Abirabure baba muri Tuniziya, yongera atuma ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika bitahukana abanyagihugu bavyo bari muri ico gihugu.

Ejo ku musi wa gatatu ku mugoroba, igihe yariko arabonana na Prezida wa Guinee Bissau, Saied yariyamirije ivyo yise insiguro mbi yahawe amajambo yashikirije, yongera avuga ko atari umunyamacakubiri. Yavuze ko Abanyafrika ari abavukanyi biwe.

Yamara yarabandanije gutera akamo gasaba guhagarika abimukira binjira mu gihugu ciwe mu buryo buteye kubiri n’amategeko, kandi nta ngingo yatangaje mu ntumbero yo kugabanya amacakubiri afatiye ku rukoba, aguma akwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi hamwe no mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG