Uko wahagera

OTAN Ivuga ko Ifise Ibimenyetso ko Ubushinwa Butegura Gufasha Uburusiya mu Ntambara


Umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Ankara muri Turukiya, kw'itariki ya 16/02/2023
Umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Ankara muri Turukiya, kw'itariki ya 16/02/2023

Umunyamabanga mukuru wa OTAN avuga ko ishirahamwe rya gisirikare arongoye rimaze kubona ibimenyetso vyerekana ko Ubushinwa butegura gufasha Uburusiya mu ntambara muri Ukraine. Yasavye ashimitse Ubushinwa kwirinda ico yise “guca kubiri n’amategeko mpuzamakungu”.

Jens Stoltenberg yabwiye kandi itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, ko mu gihe Ubushinwa bwokwinjira mu gufasha Uburusiya, OTAN izoca ishigikira Ukraine igihe cose iyo ntambara izomara.

Ubushinwa bwaranse kunegura Uburusiya igihe bwatera Ukraine mu kwezi kwa kabiri 2022. Bwavuze ko Amerika na OTAN ari bo basotoye Uburusiya.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, nawe yavuze ko mu gihe Ubushinwa bwofasha Uburusiya muri iyo ntambara bizotera ikibazo gikomeye. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG