Igisagara ca Bakhmut mu buseruko bwa Ukraine cagabweko ibitero bikomeye n’Uburusiya kuri uyu wa mbere. Aya makuru aremezwa kandi n’umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg. Abategetsi bo mu nzego zo hasi bavuze ko ibitero bishasha bise simusiga vyatanguye muri ico gisagara. Bikozwe mu gihe hasigaye imisi 10 ngo umwaka uzobe urangiye Uburusiya bwinjiye kurwana muri Ukraine.
Abategetsi ba gisirikare muri Ukraine bavuga ko ibirindiro vy’abasirikare mu gisagara ca Bakhmut vyakomejwe, kandi ata munyagihugu yemerewe kwinjira canke ngo asohoke kiretse umusirikare.
Jens Stoltenberg avuga ko Bakhmut arico gisagara ca mbere Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin akeneye gufata ubwa mbere kugira abashe kwigarurira intara ya Donetsk yose. Niyo ntara irimwo amahinguriro menshi kandi igice cayo kimwe gisanzwe kiri mu minwe y’inteko z’Uburusiya.
Umunyamabanga mukuru wa OTAN, yabwiye abamenyeshamakuru i Buruseri mu Bubirigi ko Prezida Putin ariko ararungika ibindi bihumbi vy’abasirikare muri ako karere.
Ibiro vya ONU vy’agateka ka zina muntu vyavuze kuri uyu wa mbere ko bimaze kumenya abasivile 7,199 bamaze gupfa n’abashika 11.756 bamaze gukomereka kuva Uburusiya bwinjira muri Ukraine kw’itariki ya 24 z’ukwa kabiri. (Reuters)
Facebook Forum