Uko wahagera

Lavrov w'Uburusiya Yabonanye n'Abategetsi ba Sudani


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov na mugenzi we wa Sudani
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov na mugenzi we wa Sudani

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov, yabonanye, uno musi ku wa kane, n'abategetsi b'abasirikare b'igihugu ca Sudani. Iyo nkuru yatangajwe n'itangazamakuru rya Reta y'ico gihugu.

Ni co gihugu ca nyuma Lavrov agendeye mu rugendo yarimwo ku mugabane wa Afrika. Muri izo ngendo, Sergei Lavrov, ariko arondera gukomeza imigenderanire hagati y’igihugu ciwe n’uwo mugabane, hamwe no gushira imbere imigambi ngenderwako n’inyungu ciwe.

Ni mu gihe ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyafashe intumbero yo gucira ivomo Uburusiya mu kugifatira ibihano, kubera ibitero kibandanya gukora muri Ukraine.

Lavrov yaragiranye ibiganiro na Jenerali, Abdel Fattah Burhan, umukuru w’inama nkuru y’igihugu , hamwe n’icegera ciwe, Jenerali, Mohammed Hamdan Dagalo, ayoboye umurwi w’abahawe imyimeneyerezo ya gisirikare bazwi kw’izina rya, ‘Rapid Support Forces”.

Itororokanirizo ry'amakuru rya Reta ya Sudani, SUNA, ryatangaje ko iyo nama yashimikiye ku vyerekeye gukomeza ugufashanya hagati y’ibihugu vyabo. Yamara nta birenga aho ryamenyesheje.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu nyuma y’aho, Sergei Lavrov, yemeye ko amashirahamwe acukura ubutare yo mu gihugu ciwe ariko akorera muri Sudani. Yatangaje kandi ko ashima uburyo abategetsi b’ico gihugu bakorana na yo. Lavrov yashitse ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, avuye mu bihugu vya Mali na Mauritania, mu ncuro ya kabiri y’urugendo yagize ku mugabane wa Afrika muri uyu mwaka. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG