Umushikiranganaji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov, yagaye inyifato y'ibihugu vyo mu burengero bw'isi ku bijanye n'akarere ka Afrika. Yabitangaje mu rugendo arimwo muri Etiyopiya
Umushikiranganji Lavrov yatangaje uno musi ku wa gatatu ko Uburusiya bushigikiye utwigoro twa Reta ya Etiyopiya tw’ukugarukana umutekano mu gihugu, n’ugutuma haba ibiganiro mu gihugu atawe bikumira bijejwe gutorera inyishu ibibazo bikomeye mu gihugu.
Ari mu rugendo i Addis Abeba aho ariko arangiriza urugendo yagize mu bihugu 4 vyo muri Afrika, mu ntumbero y’ugutuma igihugu ciwe gishigikirwa mu gihe gihanganye n’ibihugu vy’ibihangange vyo mu burengero bw’isi ku bijanye n’ibitero cakoze muri Ukraine.
Kubera inyungu n’imigendranire vyinshi mu bihugu vyo muri Afrika, bifitaaniye n’Uburusiya n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, nta ruhande vyafashe ku bijanye na Ukraine.
Icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Demeke Mekonnen, avuga ko igihugu ciwe gishimishijwe n’uko Uburusiya bugishigikiye mugmbi waco w’ukwubahiriza imbibe zaco.
Reta ya Etiyopiya yagirije abayinebagura bo mu mahanga bariko barondera kwivanga mu bibazo vyayo.
Lavrov yerekanye ko Uburusiya bucuditse n’akarere ka Afrika mu bitandukanye n’inyifato y’ibihugu vy’ibihangange vyo mu burengero bw’isi bigifise ivyo avuga ko ingendo ya gikoloni.
Facebook Forum