Uko wahagera

ONU Isaba Imiriyaridi 5.6 yo Gufasha Abakozweko n'Intambara muri Ukraine


Umugore avuye gutora imfungurwa ku bagiraneza i Chasiv Yar, kw'itariki ya 14/02/2023
Umugore avuye gutora imfungurwa ku bagiraneza i Chasiv Yar, kw'itariki ya 14/02/2023

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririko risaba imiriyaridi 5.6 z’amadolari zizofasha amamiliyoni y’abanyagihugu muri Ukraine bakozweko n’intambara igiye gushikana umwaka.

Martin Griffiths, arongoye igisata ca ONU kijejwe imfashanyo, yavuze ko umurwi w’abakozi ba ONU bariko baratororokanya ivya nkenerwa biza imbere y’ibindi mu bice vyegereye imirwano.

Kuva Uburusiya bwinjira muri Ukraine kw’itariki ya 24 z’ukwa kabiri, 2022, ikigo ca ONU kijejwe agateka ka muntu kivuga ko kimaze kumenya abasivile barenga 7.100 bishwe, n’abandi barenga 11,750 bakomeretse. Benshi muri bo bagizwe n’abagore hamwe n’abana.

Nayo igisata ca ONU cita ku mpunzi, HCR kimenyesha ko iyi ntambara yabayemwo impunzi nyinshi ku mugabane wa Buraya kuva harangira intambara ya kabiri y’isi. Hafi ica gatatu c’ababa muri Ukraine, imiriyoni 40, barataye ingo zabo barahunga. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG