Reta y’Uburundi iriyamiriza yivuye inyuma ingingo ya sentare nkuru y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, EAC. Iyi yaheruka kwemeza ko igenwa ry’uwahoze ari Perezida Nkurunziza ryahonyanze ibwirizwa nshingiro n’amategeko ya EAC muri 2015.
Umuvugizi wa reta yatangaje ko iyo ngingo idashobora kuja mu ngiro kugira abafungiwe ugushaka gutembagaza ubutegetsi bafungurwe. Yabivugiye mu kiganiro catanzwe n’abavugizi b’inzego nkuru z’igihugu cerekanye aho reta y’Uburundi ihagaze ku bibazo bikomeye kandi nkoramutima ku gihugu. Ni ikiganiro caremeshejwe ku wa gatanu w'indwi iheze.
Ku bw’iyo ngingo Ijwi ry'Amerika ryaronse ikopi ubwa mbere, igenwa n’ikiringo ca gatatu ca nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza w’Uburundi vyarahonyanze amasezerano agenga uwo muryango, n’ayandi mategeko agenga Uburundi harimwo n’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano yubahiriza demokarasi, agateka ka zina muntu n’intwaro ibereye.
Umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Prosper Ntahorwamiye, yatangaje ko urwo rubanza ataco rubwiye reta avugira. Ico bikoze, urwo rubanza rwari rumaze imyaka 7 muri iyo sentare y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko rufise insiguro nyinshi ku bashingwamanza b’amashirahamwe yigenga barushingishije.
Maitre Dieudonné Bashirahishize umwe muri bo, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ahubwo rwaje kwerekana ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ari wo watembagaje ubutegetsi kandi ko abafunzwe bazira ubusa.
Ibi Reta y’Uburundi ivyamirira kure kuko kubwayo abafunzwe bashatse gutembagaza reta itari bwarangize ikiringo mu mwaka w’2015.
Fyonda hasi wumve ibindi mu nkuru yateguwe na Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.
Facebook Forum