Uko wahagera

ONU Isaba Amatohoza ku Bwicanyi muri Darfur


Darfur violences
Darfur violences

Umukuru w’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu yavuze ko ababajwe n’ubwicanyi bwiyongereye mu ntara ya Darfur ya Sudani, inyuma y’aho mu misi iheze hiciwe abantu barenga 200.

Abo mu bwoko bw’aba Massalit hamwe n’abarabu baratanye mu mitwe kuva ku musi wa gatanu i El Geneina, ku murwa mukuru wa reta ya Darfur y’uburengero.

Inkoho nyinshi zarumvikanye ku musi wa gatatu mu muhingamo muri El Geneina, nkuko vyavuzwe na Adam Regal arongoye ishirahamwe ryigenga rikurikirana impunzi n’abateshejwe izabo muri Darfur.

Buramatari wa reta ya Darfur y’uburengero, Khamees Abkar yavuze ko ibi bitero biri mu murwi w’ivyaha ku kiremwa muntu, aho abantu 201 bishwe abandi 103 barakomereka ku musi w’Imana wonyene.

Umukuru w’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, Michelle Bachelet, yasavye kuri uyu wa gatatu ko haba amatohoza ataho ahengamiye kuri ivyo bitero.

Akanana ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano i New York kakoranye mu nama yihuta yabereye mu mwiherero kuri ubwo bwicanyi muri Darfur kuri uyu wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG