Imirwano ikaze hagati y’amoko adacana uwaka mu ntara ya Darfur ya Sudani yahitanye abantu 45.
Abategetsi bavuze ko iyi mirwano yadutse ku musi wa kabiri hagati y’ubwoko bw’aba Fallata hamwe n’ubwoko bw’Abarabu b’aba Rizeigat mu mihana iba inyuma y’igisagara ca Nyala, umurwa mukuru ya reta ya Darfur yo mu bumanuko.
Abagore hamwe n’abana bari mu bishwe muri uko gutana mu mitwe.
Amakuru ava mu baganga yemeza ko abantu hafi 20 bakomeretse, bamwe basinzikaye cane, batwawe mu bitaro.
Umunyagihugu umwe wo muri Darfur y’ubumanuko, Mohamed al-Fatteh, yavuze ko iyi mirwano yadutse inyuma y’aho umwe wo mu bwoko bw’abarabu yiciwe.
Mu ntango z’uku kwezi, iyindi mirwano hagati y’abarimyi n’aborozi mu misozi yo mu ntara ya Jebel Moon muri Darfur y’uburengero, yahitanye ubuzima bw’abashika 35.
Facebook Forum