Uko wahagera

Ibiganiro Hagati y'Uburusiya na Ukraine Ntaco Vyavuyemwo


Bamwe mu bari mu biganiro
Bamwe mu bari mu biganiro

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire y’Uburusiya na Ukraine bagiranye ibiganiro vyabereye muri Turukiya. Ibiganiro vyo kuri uno wa kane ni vyo vya mbere bihuje abategetsi bo ku rwego rwo hejuru muri ivyo bihugu. Vyamaze iminota 90, bihera impande zose zivuga ko ata cavuyemwo.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Ukraine n’amakungu, Dmytro Kuleba, yavuze ko ku ruhande rwiwe yari yasavye ko Uburusiya bwotanga agahengwe, bugahagarika intambara mu kiringo c’amasaha 24 ariko uruhande rw’Uburusiya rwavyanse. Kuleba yagirije umushikiranganji w’Uburusiya Sergey Lavrov gushaka kuzana amananiza muri ivyo biganiro, yongera ko ibiganiro vy’imbona nkubone hagati y’Uburusiya na Ukraine bizogorana, kandi ko Ukraine itazokwigera yishikana uko biri kose.

Sergey Lavrov ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’amakungu, we yavuze ko igihugu ciwe citeguriye kubandanya ibiganiro, kandi ko Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin ata co mubuza kubonana na Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, bakaganira. Lavrov yagirije ibihugu bitunze kuba inyuma y’intambara y’Uburusiya na Ukraine, avuga ko Uburusiya vyabaye ngombwa ko bufata umukenyuro, kubera ibihugu bitunze vyanse ubusabe bw’Uburusiya mu vyo gukingira umutekano. Lavrov ati: “ Ibikorwa vya gisirikare muri Ukraine biriko bigenda nkuko Putin yabitegekanije.”

Ibiganiro vyo kuri uno wa kane hagati y’Uburusiya na Ukraine vyari bihagarariwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Turukiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG