Reta zunze ubumwe za Amerika igiye kurungika abandi basirikare 500 ku mugabane wa Buraya gukomeza umutekano w’inteko za OTAN. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika buvuga ko Uburusiya bwarungitse hafi inguvu zabwo nka zose kurwana muri Ukraine.
Mu gihe perezida Vladimir Putin yongereje ibitero, umutegetsi mu gisirikare ca Amerika yagabishije ko Uburusiya buriko burondera abarwanyi b’abanyamahanga, abanyesiriya, kubafasha iyi ntambara.
Reta zunze ubumwe za Amerika, uyu mwaka imaze kurungika abasirikare 12.000 biyongereye ku bari basanzwe ku mugabane wa Buraya, ariko Perezida Joe Biden yavuze ashimitse ko ata musirikare wa Amerika azoja kurwana n’Uburusiya muri Ukraine.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwavuze ko abasirikare b’Uburusiya bagereranywa n’abarenga 150.000, hafi 100 kw’ijana ry’ubushobozi bwa gisirikare bw’Uburusiya bamaze kwinjira muri Ukraine.
Amakenga arabandanya kwiyongera yuko igisagara ca Odessa, ahari ikivuko gikomeye c’igihugu, gishobora kuzoterwa. Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yaragabishije ku musi w’Imana ko Uburusiya buri mu myiteguro yo gutera amabombe kuri iki gisagara.
Facebook Forum