Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu yanse ivyasabwe n’Uburusiya vyo kubuza Ukraine kwinjira mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero vyishinze kurwaniriza hamwe umwansi, OTAN. Amerika ivuga ko ico ari icitwazo, Uburusiya buza bwaramaze kwiyemeza gutera Ukraine, ariko Amerika ikavuga kandi ko yatanze iyindi nzira izohagarika ico cuka kibi.
Umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, yavuze ko Amerika yatanze iyindi nzira ya kidipolomasiya izotuma ata ntambara ihaba, mu rwandiko rw’ibanga yarungikiye reta y’Uburusiya.
Ariko yashimangiye avuga ko hari ivyo Amerika ibwirizwa kandi yiyemeje kuzokora, harimwo kurwanira ubwigenge bwa Ukraine no gukingira ubutaka bwayo. Ikindi ngo ni ugukingira amahitamwo y’igihugu yo kwihitiramwo uko gitunganya umutekano waco hamwe n’abo gishimye kwifatanya.
Blinken yari mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, inyuma y’aho icegera ciwe, Wendy Sherman avugiye ko Amerika izi idakekeranya ko Perezida Vladimir Putin yiteguye gukoresha inguvu za gisirikare kuri Ukraine hagati mu kwezi kwa kabiri.
Blinken Yavuze kandi ko azovugana na mugenzi we w’Uburusiya, Sergei Lavrov mu misi iri imbere yumve ico Uburusiya buvuga ku nyishu yatanzwe na Amerika.
@AFP
Facebook Forum