Uko wahagera

USA Iragabisha Ibihano Ruhasha Uburusiya Buteye Ukraine


Abasirikare ba Ukraine bariko barapakurura imfashanyo za gisirikare ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Boryspil, i Kyiv, muri Ukraine, kw'itariki ya 25/01/2022.
Abasirikare ba Ukraine bariko barapakurura imfashanyo za gisirikare ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Boryspil, i Kyiv, muri Ukraine, kw'itariki ya 25/01/2022.

Reta zunze ubumwe za Amerika irabandanya kugabisha Uburusiya kuri Ukraine, aho ejo kuwa kabiri Amerika yavuze ko bushobora gufatirwa ibihano bikomeye, harimwo ibizotumbera Perezida Vladimir Putin ubwiwe. Ni mu gihe abasirikare b’Uburusiya bakirundanye ku rubibe na Ukraine, batanguye iyindi myimenyerezo ya gisirikare.

Perezidanse ya Amerika, White House, yavuze ko Uburusiya bushobora gutera Ukraine umwanya uwo ari wo wose. Umutegetsi akomeye wa Amerika yavuze ko ibihano vy’ubutunzi bizogira ingaruka zirenze kure ivyafatiwe Uburusiya mu 2014 igihe bwigarurira intara ya Crimea ya Ukraine.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, nawe nyene yavuze ko ibihano bizofatwa bizoba biremereye kuruta ivyigeze gufatwa vyose.

Hagati aho, perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yavuze ko azovugana kuri terefone na Perezida Putin ku musi wa gatanu, asabe gusobanukirwa ico Uburusiya bugamije gukora.

Ibiganiro kuri iki kibazo vyabaye muri uku kwezi ntivyabashije guhwamika iki cuka kibi, ariko Amerika n’Uburusiya vyemeranije kubandanya baganira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG