Uko wahagera

Mali: Perezida Ibrahim Boubacar Keita Aridegemvya


Abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali bavuze kuri uyu wa kane ko uwahoze ari perezida, Ibrahim Boubacar Keita, bari yarafunzwe mu gihe ca kudeta ubu yidegemvya.

Umuvugizi w’ako kagwi k’abasirikare, Djibrila Maiga yagize ati: " Ibrahim Boubacar Keita aridegemvya kuho yoba agomba kuja hose, kandi ari muhira,”.

Ikurwa rya Keita ryarateye amakenga akarere hamwe n’Ubufaransa bubona Mali nk’igihugu bwifashisha mu kurwanya intagondwa zikora iterabwoba mu karere ka Sahel, ahacumbitse abasirikare barenga 5 000 b’Ubufaransa.

Umwe mu bavukanyi ba Keita, atashimye ko izina ryiwe rimenyekana, yavuze ko uwahoze arongoye Mali yatahutse mw’ijoro riheze mu rugo iwe muri karatiye ya Sebenikoro ku murwa mukuru Bamako.

Keita, umushikiranganji wa mbere Boubou Cisse hamwe n’abandi bategetsi bafashwe n’abaofisiye bagumutse bo mw’ikambi iri hafi ya Bamako.

Irekurwa ryiwe n’abandi bategetsi nico kintu ca mbere casabwa n’ibihugu bibanyi na Mali, Ubufaransa hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu, arimwo umuryango w’ubumwe bwa Afrika hamwe n’ubumwe bwa Bulaya.

Iri tangazo ritanzwe imbere y’inama y’ibihugu bibanyi na Mali bihurukiye muri CEDEAO y’ejo kuwa gatanu, izoba itumbereye kwemeza nimba bokwongereza inguvu mu kudongoza ako kagwi k’abasirikare. Ivyo bihugu vyarafatiye ibihano Mali, birimwo kuyugarira imbibe no kukizibira mu rudandaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG