Uko wahagera

CEDEAO Ivuga ko ata Cizere C'uko Keita Asubizwa ku Butegetsi


Ibiganiro hagati y’intumwa zarungitswe n’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, hamwe n’akagwi k’abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali vyarangiye kuri uyu wa mbere ataco bapfunditse ku kuntu igihugu cosubira kurongorwa n’abasivile.

Izo mpande zibiri zavuze ko Perezida Ibrahim Boubacar Keita, uwo ishirahamwe CEDEAO ryari ryasavye ko asubira ku butegetsi ata cizere c’uko azobusubirako.

Kudeta yo kw’italiki ya 18 y’uku kwezi kwa munani yarateye ubwoba ibihugu bibanyi na Mali ko ico gihugu gishobora kwinjira mu bihe vy’intambara.

Ibihugu 15 bihurikiye mw’ishirahamwe CEDEAO vyaciye birungika intumwa zo ku rwego rwo hejuru i Bamako ku musi wa gatandatu, zirongowe n’uwahoze ari perezida wa Nijeriya Goodluck Jonathan, kugondoza abasirikare ngo basubize igihugu ku burongozi bwishunze ibwirizwa shingiro.

Umuvugizi w’ako kagwi kafashe ubutegetsi, Colonel Ismael Wague, yavuze ko ata na kimwe cumvikanyweko, ko ari bo bazoganira hagati yabo bazomenya uko ibwirizwa shingiro ryokwubakwa.

Jonathan yagize ati: "Twarumvikanye ku bitari bike, ariko hari n’ivyo tutumvikanyeko. Kubw’ivyo, twabwiye abo basirikare ivyo CEDEAO yiyumvira hanyuma tubasaba kugenda kuvyiyumvirako."

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG