Uruhigi rw'Abimukira Badafise ivya Ngombwa muri Libiya

Bamwe mu bimukira bo muri Libiya

Reta ya Libiya yakoranije abimukira barenga 5000 ishaka gusubiza mu bihugu vyabo muri iki gihe amakenga yiyongereye. Muri abo bimukira harimwo abana bagera ku 215, abapfasoni barenga 540 barimwo n’imiburiburi 30 bibungeze.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko umuntu umwe ari we yaguye muri urwo ruhigi rw’abimukira bagwiriyemwo abadafise uburenganzira bwo kuba ku butaka bwa Libiya n’abinjiye muri ico gihugu binyuranije n’amategeko. Ni uruhigi rwakomerekeyemwo 15 nkuko ONU ibandanya kubivuga.

Ico gikorwa catanguriye mu burengero bw’igisagara ca Gargaresh, kigwiriyemwo abimukira bava mu bihugu vyo muri Afrika yo mu buraruko, hanyuma gitandukira izindi ntara. Abategetsi ba Libiya bavuga ko ari igikorwa kigamije kurinda umutekano w’igihugu, gukumira abimukira ku butaka bw’ico gihugu bidaciye mu mategeko no kurwanya urudandazwa rw’ibiyayura mutwe.

Umuyobozi ajejwe ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imbabare mu gihugu ca Libya, Georgette Gagnon, yanebaguye iyo ngingo ya Libya. Gagnon asigura ko hari abimukira, bakubaguwe, bagakubitwa bari mu mazu yabo kandi ata birwanisho bari bafise.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe abimukira, OIM, navyo vyasohoye raporo uyu musi ku wa mbere ivuga ko abimukira 5152 ari bo bamaze guhagarikwa kuva ku musi wa gatanu.