Ibisasu bibiri vyaturikiye i Kampala ku murwa mukuru wa Uganda vyahitanye n'imiburiburi abantu bane, bikomeretsa benshi vyongera biturira amamodoka menshi atatangajwe igitigiri.
Tereviziyo yitwa NTV Uganda Ijwi ry'Amerika mu gisata c'igifaransa rivuga ko rikesha ino nkuru yatangaje ko abaharurwa mw'icumi bakomerekejwe n'ivyo bisasu. Ica mbere caturikiye mu micungararo y'ahakorera inama nshingamateka, ica kabiri giturikira kw'iduka rinini ryegereye ibiro bikuru vya polisi muri Uganda. Abashingamateka bari ku kazi basabwe bose gukinjura.
Nta murwi n'umwe uriyitirira ivyo bisasu. Mu kwezi guheze, intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu ziyitiriye bombe yahitanye umuntu umwe yakorera mu nzu y'ubunwero. Mu kwezi guheze nyene, abatari bake bakomerekejwe n'igisasu umu kamikaze yiturikijeko muri bus. Ico gisasu cahitanye uwo mu kamikaze gusa. Al Shabaab imaze kugaba ibitero bitari bike muri Uganda.