Uburundi Bwakiriye Incanco za Mbere za Virusi ya Corona

Incanco zatanzwe n'Ubuhsinwa

Uburundi bwakiriye ku mugoroba wo kuri uyu wa kane incanco za mbere z'ikiza ca Covid-19. Izo ncanco zigera ku bihumbi 500 zatanzwe n'Ubushinwa. Ata gihindutse nk'uko bimenyeshwa n'umushikiranganji w'amagara y'abantu mu ndwi iza ni ho umuntu wa mbere azokingirwa umugera wa Corona muri ico gihugu.

Umushikiranganji ajejwe umutekano Gervais Ndirakobuca asanzwe ari n’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Corona ari kumwe na mugenzi we w’amagara y’abantu ni bo bakiriye iyo mfashanyo ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Muganga Thaddee Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu yatangaje ko abifuza gucancwa bose bazotangura kwiyandikisha kuri uyu wa gatanu.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza yatunganije iyi nkuru arayidushikiriza yose mu majwi mu buryo burambuye

Your browser doesn’t support HTML5

Ntawuzohatirwa ku Nguvu Gucancwa Covid-19 mu Burundi