Uko wahagera

Burundi: Urukingo rwa Covid-19 Ntiruvugwako Rumwe


Urucanco rwa AstraZeneca
Urucanco rwa AstraZeneca

Amashirahamwe icenda yigenga mu Burundi yagiye hamwe mu runani yise “Initiative momentanée des organisations de la société civile pour lutter contre la Covid-19”. Ni urunani rufise intumbero yo gufasha reta kurwanya ikiza c’umugera wa Corona.

Ku bw’abarongoye ayo mashirahamwe icenda arimwo Capes+, SPJEPAE, Izere Ntiwihebure n’ayandi, igikorwa cabo kirakomeye mu gushikana mu banyagihugu ingingo zo kurwanya ico kiza kuko bafise abanywanyi hafi mu gihugu cose.

Mu kiganiro ayo mashirahamwe yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu, yavuze ariko ko adashigikiye urucanco rw’iyo ndwara. Yamara n’aho biri uko, abandi baharanira agateka ka zina muntu babona ko Uburundi bwari bukwiye kwakira urwo rucanco nkuko ruriko ruratangwa no mu bindi bihugu kw’isi.

Janvier Bigirimana aserukira urunani, Tournons La page, rugizwe n'abaharanira agateka ka zina muntu bari hanze y'igihugu mu kiganiro n'Ijwi ry'Amerika yavuze ko kwanka urukingo rwa Corona, bifise ingaruka mbi nyinshi ku magara y’Abarundi.

Ku ruhande rw'ishirahamwe, CEMABU , riharanira inyungu z’abarwayi bizeye ko "reta izobafatira ingingo ibereye kandi itazobaheba". Sylvain Habanabakizeko abibwira Ijwi ry'Amerika yashimangiye ko afise impungenge kubera kuri we ingingo zo kwirinda Covidi-19 zitagikurikizwa.

Ijwi ry'Amerika ryabajije ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ico bugona kuri ico kibazo na ryari butegekanya kwakira no gutanga urucanco rw'ikiza ca Corona, umuvugizi w'ubwo bushikiranganji, Dr Jean Bosco Girukwishaka, yishura ko ivyo umushikiranganji w’amagara y’abantu yabwiye Ijwi ry' Amerika ku ndwi iheze ata kirahinduka: Dr Thadde Ndikumana atwara ubwo bushikiranganji yari yatangaje ko isekeza ryo kwirinda ari ryo rucanco Uburundi bwashize imbere.

Mu karere k'Afrika y’Ubuseruko, Uburundi na Tanzaniya ni vyo bihugu vyagirizwa gufata minenegwe ikiza c’umugera wa Corona. Ku ntwaro ya Perezida John Pombe Magufuli aheruka kwitaba Imana, Tanzaniya yakomeje kwumvikana ivuga ko ata bwandu buri mu gihugu, imvugo yamara isa n'iyahindutse: Umukuru w’igihugu mushasha Samia Suluhu Hassan yaraye agenye umugwi w’abahinga biga ingene ico kiza corwanywa muri ico gihugu, yongera anashiraho n’izindi ngingo zigiye gufatwa kugira amakungu ntiyinube ico gihugu.

Hagati aho, ibiharuro bitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi vyerekana ko abantu barenga 2800 banduye uwo mugera. Muri abo, abarenga 240 baracarwaye harimwo abarenga 50 baremvye barwariye mu bitalo bitandukanye. 6 ni bo batangajwe ko bitavye Imana bazize ikiza c’umugera wa Korona. Ibitangazamakuru n’imbuga ngurukanabumenyi yamara aha vyemeza ko abarwaye n’abitavye Imana barenga abo.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda, Pierre Claver Niyonkuru

Uburundi Buvuga ko Ata Mugambi wo Kwakira Incanco za Covid-19
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:29 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG