Uburundi Burahakana ko Abatera u Rwanda Bava ku Butaka Bwabwo

Colonel Floribert Biyereke avugira urwego rwo kwivuna abansi mu Burundi

Reta y’Uburundi irakahana ibivurwa na Reta y’u Rwanda vy’uko abarwanyi b’umurwi wa FLN bateye u Rwanda bavuye ku butaka bw’Uburundi. Mw'itangazo ryasohowe n'ibiro bikuru vya gisirikare vy'Uburundi, Colonel Floribert Biyereke avugira urwo rwego rwo kwivuna abansi yagize ati:" Uru rwego rurabeshuje icese amakuru avuga ko ku butaka bw'Uburundi hoba hari umurwi w'inkozi z'ikibi zifise umugambi mubi ku gihugu c'u Rwanda. Urwego rw'ukwivuna abansi rw'Uburundi rubeshuje kandi ko hoba hari umurwi w'inkozi z'ikibi wavuye mu Burundi uja gutera u Rwanda"

Muri iryo tangazo, ibiro bikuru vya gisirikare ntivyigeze bivuga izina ry'abo bwita abagizi ba nabi bashakira ikibi u Rwanda bakagirizwa kuba ku butaka bw'Uburundi. U Rwanda yamara rwo rwemeza ko ari abarwanyi ba FLN: Ejo kuwa mbere, igisirikare c’u Rwanda cavuze mbere ko cishe babiri mu bari muri uwo murwi urwanya ubutegesti bwa Kigali, abandi ruvuga ko "baciye bahungira mu gihugu c’Uburundi aho bari bateye bava".

Ijwi ry'Amerika ryagerageje guhamagara akatari gake Coloneli Floribert Biyereke yashize umukono ku itangazo ribeshuza ibi bivugwa n'u Rwanda ariko ntiyitaba terefone yiwe ngendanwa. Iyo tuza kumutora hambavu y'ivyo vyagiriji, twari kumubaza n'ico Uburundi buvuga ku myambaro y’igisirikare c’Uburundi yerekanywe mu bikoresho vyafatanywe abateye u Rwanda.

Kuva FLN itangura kugaba ibitero mu Rwanda mu 2018, ubutegetsi bw’u Rwanda bwakomeje kwumvikana bwagiriza Uburundi kuba ari bwo bufata mu mugongo uyu murwi. Ni mu gihe Uburundi nabwo akatari gake bwagirije u Rwanda guha indaro no gufasha umurwi wa RED-Tabara urwanya ubutegetsi bwo mu Burundi. Izo mpande zibiri zamirira kure ivyo zagirizanya.

Mu gusozera itangazo rihakana ko abateye u Rwanda ku wa Mungu w'indwi iheze buca ari ku wa mbere baje bava mu Burundi, urwego rwo kwivuna abansi rw'ico gihugu rwagize ruti " Ingabo z'urwego rw'ukwivuna abansi rw'Uburundi ziri ku rubibe Uburundi busangiye n'u Rwanda zama ziriko zirakizura kugira zicungere umutekano w'urwo rubibe".