Ubumwe bwa Afurika Bwagiriza Tanzaniya Guhohotera Impunzi z'Abarundi

Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika umenyesha ko utewe umutima uhagaze n’ibikorwa bihohotera uburenganzira bw’impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya. Uwo muryango werekana ko ari ihohoterwa riciye kubiri n’amasezerano mpuzamakungu akingira impunzi.

Mw’itangazo ry’igisata c’Ubumwe bwa Afrika kijejwe agateka ka zina muntu, kimenyesha ko caronse amakuru ko hari Abarundi batari bake bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya, baburabuzwa, bicwa, bafungirwa ubusa, banyuruzwa, ndetse hakagera aho haba abatwarwa mu mpisho gufungirwa mu gihugu bahunze bavamwo.

Muri urwo rwandiko, Ijwi rya Amerika rifiye ikopi, umuhinga akomeye akora amatohoza w’ico gisata, Honorable Commissaire Maya Sahli-Fadel, yemeje ko amaze kuronka amaraporo menshi adondagura amabi impunzi z’Abarundi zibayemwo mu mezi aheze.

Ubumwe bwa Afrika busanga izo mbogamizi ata kindi zigamije atari ukwirukana ku nguvu izo mpunzi kugira zisubire mu gihugu zahunze zivamwo. Ndetse, ko hari n’abamaze gufata iyo ngingo atari ku gushaka kwabo. Ayo makenga, abaserukira impunzi z’Abarundi baheruka kuyashira mu rwandiko barungikiye abategetsi batandukanye kw’isi harimwo umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’Ubumwe bwa Afrika.

Ijwi rya Amerika ryabajije ishiramwe HCR ryitaho impunzi ko iryo hohoterwa rirarimenya. Tina Ghelli, umuhanuzi ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vya HCR biri i Nairobi muri Kenya, biraba akarere ka Afrika y’Ubuseruko, ibiyaga binini n’ihembe rya Afrika (Bureau régional du HCR pour l'Est, la Corne et les Grands Lacs en Afrique) aravyemeza.

Uwo avugira ishirahamwe ryitaho impunzi ku munsi ku munsi, mu butumwa yaduhaye yagize ati : “Kuva aho habereye amatora mu Burundi, abategetsi b’Uburundi n’aba Tanzaniya barahamagariye cane impunzi gutahuka. Twebwe nka HCR twarafashije abarenga ibihumbi 26 bashaka gusubira mu gihugu cabo uyu mwaka. Ubwa mbere twibaza ko abo batahuka ku gushaka kwabo. Yamara, twaramenye ko akenshi mu bihe bitandukanye, ko abo Barundi baba bahatiwe gutaha batewe ubwoba. Dufise amakenga ko hari n’abafashe iyo ngingo kubera ubuzima bubi barimwo akaba atakundi bafise bari kugira”.

Maya Sahli-Fadel w’Ubumwe bwa Afrika wewe yongerako ko mu makambi y’impunzi ari muri Tanzaniya, amasoko yasambuwe mu makambi ya Mtendeli, Nduta na Nyarugu, ko batemerewe gutembera uko bavyifuza canke kuronka bimwe mu vya nkenerwa bemerewe n’amategeko abakingira. Kuri ico kibazo, ishirahamwe HCR rivuga ko ivyahagaritswe vyavuye kw’itegeko rya Tanzaniya.

Tina Ghelli, yabwiye Ijwi rya Amerika mu butumwa bwihariwe ati : “Si vyo. HCR ntagikorwa na Kimwe canke ivyo ryahora riha impunzi ryigeze rihagarika. Ahubwo ni kw’itegeko ry’abategetsi ba Tanzaniya. Twarabujijwe gusubira kwubakira impunzi nshasha canke gusanura amazu yasambutse, amasoko makuru makuru yarugawe, urudandazwa rurahagarikwa. Twarabwiye akatari gake Tanzaniya ko izo ngingo zikandamiza impunzi. Ikindi nuko natwe HCR uburyo bwo gufasha impunzi bwagabanutse cane”.

Ishirahamwe CBDH/VICAR riharanira agateka k’impunzi rirashima ko amabi ryamye rivuga kuva kera yatanguye kumenyekana mu nzego zo hejuru kw’isi. Leopold Sharangabo, icegera c’uwurirongoye yijeje Ijwi rya Amerika ko ari intambwe nziza izotuma abo Barundi bakingirwa. Ijwi ry'Amerika ryahamagaye Bwana Sudi Mwakibasi, umuyobozi ajejwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo yagati mu gihugu muri Tanzaniya kugira agire ico abivuze ko yamara ntivyadukundiye ko tumuronka.

Ico bikoze, mu mpera z’ukwezi guheze kw’11, uwo mutegetsi yaragendeye amakambi atandukanye yo muri ico gihugu. Ubutumwa yatangiye i Nyarugusu, ni na bwo yatangiye i Nduta n’i Mtendeli. Yagize ati : “Harageze ko mwese mutahuka ku gushaka kwanyu, kuko mu gihugu canyu hari amahoro n’umutekano. Nta kibanza mugifise muri Tanzaniya nk’impunzi. Twifuza ko umwaka uza w’2021 uzorangira mwese mwamaze gutahuka”.

Ayo majambo yarateye ubwoba impunzi gushika aho bamwe muri bo batinya ko amakambi barimwo azohava asamburwa. HCR co kimwe n’Ubumwe bwa Afrika basaba Tanzaniya guhagarika ingendo yo gutera ubwoba impunzi no kuzihohotera.

Your browser doesn’t support HTML5

Amwe mu Mabi Tanzaniya Yagirizwa Arimwo Kwica, Kuburabuza no Gufunga Impunzi z'Abarundi