Ubufaransa Bwongeye Gusaba u Rwanda Guhagarika Gushigikira M23

Ubufaransa kuri uyu wa kabiri bwasavye ko u Rwanda ruhagarika gushigikira abarwanyi b’umuhari M23 mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo. Ubufaransa kandi buranegura ubwicanyi bukorwa n’imirwi itari mike yitwaje ibirwanisho ikora iterabwoba muri ako karere.

Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’Ubufaransa bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu rivuga ko ubufaransa butewe umutima uhagaze n’amakuru yemeza ko u Rwanda rufasha M23 mu burere bwo mu buseruko bwa Kongo, ko rufasha uwo muhari mu vya gisirikare kandi ko abasirikare b’ico gihugu bari ku butaka bwa Kongo. Ubwo bushikiranganji busaba ko iyo mfashanyo u Rwanda ruha uyo murwi ihagarara

Abarwanyi ba M23 bagizwe ahanini n’abo mu bwoko bw’Abatutsi. ONU ibagiriza ivyaha bitari bike mu buseruko bwa Kongo. Abo barwanyi bongeye gufata ibirwanisho mu mpera z’umwaka wa 2021 haheze imyaka 10 basa n’abari bahagaritse ibitero vyabo. Barigaruriye ibirere binini mu ma teritware yo mu ntara ya Kivu y’uburaruko, ihana imbibe n’u Rwanda na Uganda.

Ubwo bushikiranganji bw'Ubufaransa bw'imigenderanire n'ayandi makungu busaba ko ivyumvikanyweko mu manana atandukanye yatunganijwe mu karere bishirwa mu ngiro. Buvuga ko ikurwa rya M23 mu turere wafashe bikwiye kwihutishwa, abo barwanyi bakaja mu bibanza vyo kwegeranirizwamwo kandi n’iyindi mihari yitwaje ibirwanisho igakwirikiza uyo mugambi wo gushirwa hamwe, bakanakwa n’ibirwanisho.

Ubwo bushikiranganji burangiza buvuga ko hashobora gufatwa ibihano ruhasha ku babangamira umugambi w'amahoro muri ako karere. AFP