Turukiya Ikomeje Kugaba Ibitero muri Siriya, Ivy'uno Munsi Vyahitanye 9

Abanyagihugu icenda ni bo bamaze kumenyekana ko bishwe n’abariko basahiriza ingabo za Turukiya mu bitero zikomeje kugaba mu buraruko bwa Siriya.

Urunani ruhurikiyemwo amashiramwe adakiranira ivyicaro vya politike muri Siriya rwemeje ayo makuru. Rwasiguye ko mu bishwe harimwo umwe mu ndongozi z’umugambwe wegereye abakurde n’umudereva wiwe bagandaguwe bavanywe mu muduga barimwo.

Abasivile bamaze kugwa mu bitero Turukiya iriko iragaba muri Siriya ihangana n’abakurde bageze ku 38 mu gihe ingabo z’abakurde zimaze kurwa muri ivyo bitero ari 81 nkuko urwo runani rubitangaza.

Ishami rya ONU ryitaho ibiribwa kw’isi PAM naryo ryemeje ko abarenga ibihumbi ijana bamaze guta izabo muri Siriya bahunga iyo mirwano.

Ibitero Turukiya iriko igaba mu bumanuko bwa Siriya kuva ku wa gatatu ihangana n’ingabo z’abakurde vyatanguye inyuma y'aho perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump avugiye ko ingabo za Amerika ziri muri Siriya zibwirizwa gutahukanwa.

Turukiya ifata ingabo z’abakurde nk’abakora iterabwoba mu gihe ibihugu bitandukanye birimwo vya rutura bifata izo ngabo nk’intwari ku ruhara zagize mu kurwanya umuhari w’iterabwoba wiyitirira Reta ya Kisilamu.