Uko wahagera

Amerika Ishobora Gufatira Ibihano Turukiya


Igisirikare ca Turukiya cerekeza ku rubibe na Siriya gutera abakurdes.
Igisirikare ca Turukiya cerekeza ku rubibe na Siriya gutera abakurdes.

Umurwi w’abasenateri ba Reta zunze ubumwe z’Amerika, ku mpande zose bashikirije kuri uyu wa gatatu ko bumvikanye gufatira ibihano igihugu ca Turukiya basanzwe bafashanya mu nteko za NATO, mu gihe abasirikare baco batokurwa mu gihugu kibanyi ca Siriya.

Ivyo bihano bishobora gufata ubutunzi bwose abategetsi muvya politike ba Turukiya bafitiye muri Amerika, harimwo na perezida Recep Tayyip Erdogan, icegera ciwe hamwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Ivyo bihano bishobora gufatwa no ku mashirahamwe akorana n’igisirikare ca Turukiya, canke amakompanyi y’ibitoro na gaze akorana n’ico gisirikare.

Abo bashingamateka bashavujwe n’ingingo y’igihutihuti perezida Donald Trump yafashe yo gukura abasirikare ba Amerika mu buraruko bwa Siriya, ahari abarwanyi b’aba kurde bari bamaze imyaka bafashanya na Amerika kurwanya umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG